Diaspora burundaise de chine

ABARUNDI BABA MU BUSHINWA BARAYE BAHIMBAJE UMUSI W'UBUMWE BW'ABARUNDI, AKARANGA N'IMICO

Nk'uko biriko biratunganywa hirya no hino mu makungu, inyuma y'aho u Bufaransa buteguriye ihuriro ry'Abarundi baba mu Bufaransa muri Kenya n'ahandi. Abarundi baba mu Bushinwa baraye bagize umusi mukuru uhambaye, nk'uko tubishikirizwa na Scolas Mbonihankuye Aserukira Diaspora y'Abarundi baba mu Bushinwa. Nyakubahwa aserukira u Burundi mu Bushinwa n'abo bakorana akaba ariwe yari umutumire w'Iteka. Mw'ijambo uwuserukira abarundi baba mu bushinwa yashikirije, yamenyesheje ko bazokwama bahura uko umwaka utashe. Akaba yasavye abarundi kurengera ibibatandukanya bakaja hamwe bose, ati dushire hamwe inguvu dukore ibikorwa biteza imbere u urundi bwacu. Nyakubahwa Aserukira u Burundi mu Bushinwa (Ambassadeur) nawe yamenyesheje ko izokora ibishoboka kugira ishigikire abarundi baba mu Bushinwa ngo bame bashize hamwe. Aca ahamagarira abarundi baba mu bushinwa ko boterera bimwe biboneka iterambere ry igihugu c'Amavukiro.Twobamenyesha ko uyo musi mukuru wari watanguriwe n'urukino rw'umupira naho aho bakinira hari huzuye neige..ntivyabujije abakinyi kwigina ubumwe bw'Abarundi. Amahoro Iwacu